5.5 C
New York
Thursday, August 5, 2021
HomehomepageUru nirwo Sentare nkuru y'i Mwaro iheruka kumucira

Uru nirwo Sentare nkuru y’i Mwaro iheruka kumucira

Sentare nkuru yo mu ntara ya Mwaro iherutse gukatira umunyororo wo gupfungwa imyaka itatu hamwe n’ihadabu ringana n’ibihumbi amajana atatu vy’amarundi umugabo azwi kw’izina rya Ndayisaba Léonidas inyuma y’ukwagirwa n’icaha c’ukwiba ipikipiki.

Ku musi wa kabiri uheze niho sentare nkuru y’i Mwaro yasasa mu rubanza rw’ikibiriraho maze ikatira Ndayisenga Léonidas umunyororo w’ugupfungwa imyaka itatu n’ihadabu ringana n’amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana atatu yafatanywe itonga ry’ipikipiki yari yibwe mu ntara ya Gitega ku musi w’Imana uheze, igenekerezo rya 2 Ruheshi 2019.

Umupfasoni Agnès Bangiricenge asanzwe ari umunyamabanga mukuru akongera akaba umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, yamenyesheje y’uko iyo pikipiki ngo yafatiwe muri karitiye ya Kibumbu muri komine Kayokwe intara ya Mwaro bayifata ifiswe na bwana Ndayisenga Leonidas niko guca bamurengukana imbere y’ubutungane.

- Advertisment -

Must Read

Berry Music ngo agiye gushira ahabona Collabo yakoze

0
Abantu batari bake ngo bagize igihe basaba Berry Music ko abakorera indirimbo arikumwe n’uwundi muririmvyi, ico gikorwa uwo muririmvyi avuga ko agiye kuzogikora mu...