5.5 C
New York
Sunday, January 23, 2022
HomehomepageYahavuye afatwa inyuma y'umwaka n'igice aronderwa n'abajejwe umutekano

Yahavuye afatwa inyuma y’umwaka n’igice aronderwa n’abajejwe umutekano

Kuri uno wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 5 Ruheshi umwaka w’2019, igiporisi c’Uburundi gifashijwe n’abahurikiye mu makomite y’umutekano ahurikiyemwo bose hamwe n’intwaro, barafashe umugabo yari amaze imisi aronderwa yagirizwa kugandagura umuntu haraciye umwaka n’igice.

Nk’uko vyashikirijwe kuri uno wa kane igenekerezo rya 6 Ruheshi umwaka w’2019 n’inyamiramabi, uwo mugabo yaraye afashwe ngo azwi ku mazina ya Bernard Munyengabire, akaba yagirizwa kugandagura akoresheje ikirwanisho gicira umuriro umushingantahe Gratien Butobuto wo ku mutumba Rukoyoyo muri komine Cendajuru intara ya Cankuzo, haraheze ikiringo kingana n’umwaka umwe n’igice iryo bara riguye.

Munyengabire Bernard akaba afashwe inyuma y’aho ahungiye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya ahejeje kwiha iryo bara yamara nk’uko abakera bayamaze bati “agatoki kamenyereye gukomba kama gahese”, amaze gushika muri ico gihugu kibanyi ngo yahavuye afadikanya n’akarwi k’inkozi z’ikibi muri ico gihugu nyene bagandagura umuntu, abajejwe umutekano muri ico gihugu niko guca batangura kurondera ako karwi k’izo nkozi z’ikibi barafata abakagize yamara Bernard abaca mu myanya y’intoke agaruka mu Burundi aho yakoreye icaha ca mbere ari naho yaciye afatirwa.

- Advertisment -

Must Read

Uwundi muririmvyi yamaze gusezera Diamond Platnumz muri WASAFI

0
Uwundi muririmvyi ngo yoba yamaze gukinjura muri Wasafi, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umwe muba Manager b’umuririmvyi Diamond Platnumz mu kiganiro aheruka gukora. Mu kiganiro na...