5.5 C
New York
Sunday, April 18, 2021
Home Diaspora CAF : Ahmad Ahmad yatawe muri yompi

CAF : Ahmad Ahmad yatawe muri yompi

Ahmad Ahmad atwara ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru muri Africa CAF yatawe muri yompi azira ibiturire.

Hari mu gatondo ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 06 Ruheshi umwaka wa 2019 i Paris mu Bufaransa aho uwusanzwe atwara ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru muri Africa CAF yatarwa muri yompi n’igiporisi c’ubufaransa kizira ibiturire.

Akaba yatawe muri yompi inyuma y’inama yaraye ibaye muri ico gihugu c’Ubufaransa aho bariko batorera inyishu y’ikibazo c’urukino rwa nyuma rwa CAF Champions League rutigeze rurangira neza kubera induru yadutse urukino rukiba. Urwo rukino rukaba rwari rwahuje umugwi Whydad Casablanca hamwe na Esperance de Tunis.

Uyo mugabo w’ubwenegihugu bwa Madagascar akaba ngo yoba azize ikibazo co kwaka isoko ishirahamwe rikora ibintu bitandukanye vy ‘inkino ryitwa PUMA agaca ariha iryitwa Technical Steel.

Must Read

Ibibanza bizokwimurirwamwo abatewe n’amazi mu Gatumba vyamaze kuboneka

0
Urwego rw’igihugu rujejwe gukinga impanuka rufadikanije n’ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara rumenyesha ko ibibanza vyo kwubakamwo amazu bigera kw'ijana na mirongo itanu bimaze gutegekanywa,...