5.5 C
New York
Monday, September 27, 2021
HomeDiasporaUrukino rwa nyuma rwahuje Wydad hamwe na Esperance de Tunis rugiye gusubirwamwo

Urukino rwa nyuma rwahuje Wydad hamwe na Esperance de Tunis rugiye gusubirwamwo

Ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa (CAF ) ryafashe ingingo y’uko urukino rwa nyuma rwo gusubiriza rwa CAF Champions League rwahuje Esperance de Tunis hamwe na Whydad Casablanca y’uko rwosubirwamwo.

Iyo ngingo ikaba yaraye ifashwe uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Ruheshi umwaka wa 2019 mu nama yaraye itunganijwe n’abarongoye ishirahamwe CAF mu gihugu c’Ubufaransa.

Intandaro ya vyose n’induru yadutse muri urwo rukino aho Whydad Cassablanca yatsinze igitsindo c’ukuri ku munota wa 59 mu nyuma umuhagarikizi aracanka nihoguca haduka induru umugwi Whydad Cassablanca ubona kuva mu kibuga umuhagarikizi abona guha intsinzi Esperance de Tunis ica iba itwaye igikombe.

Munyuma yaho Whydad waciye utwara ibirego vyayo muri CAF niho guca hafatwa ingingo y’uko urwo rukino rugiye gusubirwamwo nivyabaye vyose muri urwo rukino vyaciye bifutwa hatangure bishasha.

Ishirahamwe CAF ryasavye Esperance De Tunis y’uko yogarukana ico gikombe hamwe n’imidari bari bahawe muri urwo rukino rwa nyuma mukuba barindira y’uko urwo rukino rusubirwamwo gushasha.

Mwomenya y’uko gushika n’ubu hataramenyekana umusi urwo rukino ruzosubiramwo.

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...