5.5 C
New York
Tuesday, October 19, 2021
HomehomepageCAF : Ahmad Ahmad yaraye arekuwe

CAF : Ahmad Ahmad yaraye arekuwe

Umukuri w’ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa CAF Ahmad Ahmad yaraye arekuwe inyuma yo gufatwa n’igiporisi co mu Bufaransa kimwagiriza kurya ibiturire.

Uyo mugabo w’ubwenegihugu bwa Madagascar akaba yari yapfunzwe mu gatondo ko kuri uyu kane waraye uheze igenekerezo rya 06 Ruheshi umwaka wa 2019 mu gihugu c’Ubufaransa aho yariko agirira inama yo gutatura amatati y’urukino rwa nyuma rwa CAF Champions League rwahuje imigwi ya Whydad Casablanca hamwe na Esperence de Tunis.

Ahmad Ahmad akaba yari yagirijwe y’uko yoba yariye ibiturire bifitaniye isano ku masezerano ya CAF yari ifitaniye n’ishirahamwe ry’ubudagi PUMA mu nyuma irahava ica igiranira amasezerano n’ishirahamwe ryo mu Bufaransa ryitwa Technical Steel.

Ahmad akaba yaciye asubizwa impapuro zose zinzira yari yatswe muri kino gihe ashobora kuja ahariho hose ashatse.

- Advertisment -

Must Read

Meme Meili yavuze ku mafaranga yakoresheje muri “Arabesha”

0
Ya ndirimbo "Arabesha" ya Meme Meili ngo ntiyovuga ko Ariwe yayikoreye canke ngo Afise Management imufasha muri ivyo bikorwa vyiwe vy'umuziki, ariko ngo arafise...