5.5 C
New York
Sunday, January 17, 2021
Home homepage Inter Star yaraye isubiye mu cicaro ca mbere

Inter Star yaraye isubiye mu cicaro ca mbere

Umugwi Inter Star waraye usubiye mu cicaro ca mbere inyuma y’umwaka umwe wari wakorotse mu cicaro ca kabiri.

Kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 08 Ruheshi umwaka wa 2019 isaha icenda z’umuhingamo ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore niho umugwi Inter Star wakina urukino rwo gusubiriza rwa “Barrage” n’umugwi wa Delta Star birangira iyo migwi inganije 0-0. Ukunganya kwa Inter Star kwaciye gutuma Inter Star iduga mu cicaro cambere bivanye n’uko urukino rwo gutangura uyo mugwi wari watsinze Delta Star ibitsindo 2-1.

Ukugaruka kwa Inter Star mu cicaro ca mbere kwaranezereje abakunzi b’umugwi Inter Star hamwe n’abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi kuko nka Derby yari ikiboneka hagati ya inter Star hamwe na Vital’o FC akaba ari nayo migwi y’imikeba ya hano iwacu.

Must Read

Indirimbo ya Mow Kanzie na Olegue yamaze kwemerwa. None ni ryari?

0
  Indirimbo hagati ya Mow Kanzie na Olegue ngo irashobora kuboneka mu misi ya vuba, ivyo n’ibiheruka kwemerwa n’abo baririmvyi bose uko ari 2 biciye...