HomehomepageUmuntu yagirizwa ubusuma yitavye Imana arashwe n'abajejwe umutekano

Umuntu yagirizwa ubusuma yitavye Imana arashwe n’abajejwe umutekano

Amakuru dukura mu bajejwe umutekano amenyesha y’uko mu bucagucagu bwo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi umwaka w’2019, umuntu umwe yapfuye arashwe n’abajejwe umutekano muri karitiye ya Kinanira ya gatatu iri muri zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo mugabo ngo akaba yarashwe n’abajejwe umutekano bari mu bikorwa vyabo vya misi yose vyo gukizura mu gihe yariko aragerageza kwurira ku ruzitiro rw’inzu imwe yo muri iyo karitiye mu masaha ashira isaha umunani z’ubuca.

Abajejwe umutekano bafadikanije n’igiporisi kijejwe gukinga impanuka (police de la protection civile) bakaba baciye bajana mu buruhukiro ikiziga c’uwo muntu gushika nubu ataramenyekana amamuko yiwe.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Rukiya Bizimana mu rutonde rw’abakinyi bahiganirwa agashimwe...

0
  Umukinyi w’intamba mu rugamba z’abigeme Bizimana Rukiya yashizwe mu rutonde rw’abakinyi 10 bakiri bato  bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi mu nkino zo...