5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home homepage CAN2019 : Intamba naho zaraye zitsinzwe na Madagascar ziracasigaranye amahirwe ya nyuma

CAN2019 : Intamba naho zaraye zitsinzwe na Madagascar ziracasigaranye amahirwe ya nyuma

Ugutakaza urukino rw’intamba mu rukino ntibiraca intege umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 27 Ruheshi umwaka w’2019, i Alexandrie niho hariko habera ihiganwa rya CAN aho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wari waramutse utana mu mitwe n’umugwi wa Madagascar mu rukino rw’umusi wa kabiri mw’itsinda B, urwo rukino rukaba rwarangiye intamba mu rugamba zitsinzwe igitsindo 1-0.

Igice ca mbere carangiye Madagascar isatiriye bimwe bikomeye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ariko umunyegori Nahimana Jonathan akaba yakijije urugo incuro zigera kuri zibiri ivyatumye igice ca mbere kirangira imigwi yompi inganije 0-0.

Mu gice ca kabiri, intamba mu rugamba zaje zikosoye zishira umupira hasi ariko birangira Madagascar ironse igitsindo ku munota wa 76 biciye ku mupira w’umutereko ( coup Franc) watewe n’uwitwa Ilaimaharitra iminota 90 iza kurangira intamba zitsinzwe igitsindo 1-0.

Intamba mu rugamba zikaba zisigaranye amahirwe amwe gusa, ayo nayo akaba ari ugutsinda umugwi nserukira gihugu wa Guinée Conakry mu rukino rwa nyuma ruzoba kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 30 Ruheshi. Uramutse urutsinze ushobora kugira icizere co kuba mu migwi  bita (Meilleurs Perdants) haramutse haba imigwi myinshi izorangiza izo nkino z’igice ca mbere ifise amanota 4 hamwe n’ideni ry’ibitsindo vyinshi mu matsinda 6 hazorobanurwamwo imigwi 4 y’aba Meilleur Perdans kugira ngo ikwize imigwi 16 izokina igice c’8 gishira ica nyuma.

Must Read

Différentes vertus du psaume 08

0
Améliorer la confiance, attirer  les clients vers ton commerce Pour retrouver la confiance en soi Pour avoir une faveur dans les transactions commerciales    Contre les maladies des...