HomehomepageFFB : Umwambaro w'intamba mu rugamba uriko uragurishwa

FFB : Umwambaro w’intamba mu rugamba uriko uragurishwa

Imiryango iruguruye ku barundi bose bipfuza kugura umwambaro w’intamba mu rugamba.

Kuva ku musi wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka 2019 mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bari batanguye kugurisha icese imyambaro y’intamba mu rugamba itandukanye.

Iyo myambaro ikaba iri mu bwoko butatu : iyisa n’urwatsi rutoto ririko ibara ritukura, iyera hamwe n’ibara ritukura hamwe n’iyitukura ifise ibara ryera.

Umwambaro umwumwe ukaba ugurishwa amafaranga y’amarundi angana n’ibihumbi mirongo itanu (50.000Fbu).

Mwomenya y’uko gushika ubu mw’ishirahamwre ry’umupira w’amaguru FFB bakaba ngo bakiriko bariga ukuntu iyo myambaro yoshobora gushikira abayikeneye bari mu gihugu hagati.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...