5.5 C
New York
Sunday, January 16, 2022
HomeEntertainmentInyuma y'imyaka indwi arasubiye kuboneka mugiteramo hano i Bujumbura

Inyuma y’imyaka indwi arasubiye kuboneka mugiteramo hano i Bujumbura

Doudou arikumwe n’abandi baririmvyi baririmba indirimbo zihayagiza Imana agiye kuboneka mugisagara ca Bujumbura kuri uyu w’Imana

Mumyaka indwi ataboneka mubiteramo bibera hano i Bujumbura ,Umuririmvyi aririmba indirimbo zininahaza Imana(Gospel) ariwe Doudou afashijwe n’Ubutumire bwa Now Creativity  agiye kuboneka mugiteramo c’itiriwe Thanks giving Concert kizoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 07 Ruheshi  aho azoba ari kumwe na bamwe mubandi basanzwe baririmba muri ico gisata ca Gospel nka Appolinaire,Big Zoe,Prince Mshindi, Prince Maombi, n’abandi benshi batandukanye.

Akaba ari igiteramo kizoba cibonekezamwo cane  ico bita Music Live aho abaririmvyi baririmbira kubicurarangisho ,hakazoba harimwo imidiho itandukanye bivanye n’amazina yabaririmvyi barimwo aho uzohasanga indirimbo zoroshe,izitambika ,hamwe n’iziri mu mudiho wa RAP.
Mwomenyako igiteramo Thanks Giving Concert kizobera kuri Jardin Public kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Ruheshi uyu mwaka.

- Advertisment -

Must Read

#Indundi Sports| Umugwi Top Junior ugiye kwambikwa n’ishirahamwe ryo mu Bwongereza

0
  Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Nzero 2022, umugwi Top Junior wo mu Kayanza wagiraniye amasezerano n’Ishirahamwe risanzwe rikorera ivyo kwambika imigwi (...