5.5 C
New York
Tuesday, April 20, 2021
Home homepage CAN2019 : Arijeriya na Tiniziya vyaraye vyinjiye mu gice ca kabiri gishira...

CAN2019 : Arijeriya na Tiniziya vyaraye vyinjiye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma

Igihugu ca Arijeriya hamwe n’igihugu ca Tiniziya vyaraye bironse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umwaka wa 2019 catunganijwe n’igihugu ca Misiri.

Igihugu ca Arijeriya caronse intsinzi yo kuja muri ico gice ca kabiri inyuma y’aho binganije igitsindo kimwe ku kindi n’igihugu ca Côte d’Ivoire kugeza ku mwanya bongeza « Prolongation » inyuma y’aho babona kwifashisha gutera Penariti, Arijeriya yinjiza zine mu gihe Côte d’Ivoire nayo yinjije zitatu gutyo bituma Arijeriya ica itahukana intsinzi.

Mu rukino rwahuje igihugu ca Tiniziya hamwe n’igihugu ca Madagascar, Tuniziya yatsinze vyoroshe igihugu ca Madagascar ibitsindo bitatu k’ubusa bwa Madagascar ,aho igitsindo ca mbere cinjiye ku munota wa 52 w’igice ca kabiri c’urukino cinjijwe n’umukinyi Ferjani Sassi, ica kibiri cinjira ku munota wa 86 cinjijwe na Msakni ica gatatu naco kibona kwinjira ku munota wa 90 cinjijwe n’umukinyi Naim Sliti.

Bitegekanijwe ko igice ca kabiri gishira ica nyuma kizoba kuri uyu  w’Imana igenekerezo rya 14 Mukakaro 2019, igihugu ca Senegal kikazohura n’igihugu ca Tiniziya igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, igihugu ca Arijeriya naco gihure n’igihugu ca Nijeriya igihe c’isaha zitatu z’ijoro.

Must Read

Rukinzo yatakaje inkino zibiri za mbere muri Tuniziya.

0
Igihugu ca Tuniziya nico kiriko gitunganya ihiganwa rikomeye rya CAVB rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo kuva kw'igenekerezo rya 16 gushika kurya...