5.5 C
New York
Sunday, October 17, 2021
HomehomepageSudani : Inama nkuru ya gisirikare yateye umukono ku masezerano yo gusangira...

Sudani : Inama nkuru ya gisirikare yateye umukono ku masezerano yo gusangira ubutegetsi n’abatavuga rumwe nayo

Inama nkuru ya gisirikare muri Sudani yateye umukono ku masezerano yo gusangira ubutegetsi hamwe n’abatavuga rumwe nayo bagizwe n’abateguye imyiyerekano basaba ko ubutegetsi buva mu maboko y’abasirikare bugahabwa abanyagihugu.

Amakuru dukura ku nsamirizi y’abongereza BBC amenyesha ko icegera c’uwutwara inama nkuru ya gisirikare, Jenerare Mohamed Hamdan Dagalo avuga ko ico gikorwa cashitsweko hagati y’izo nzego zibiri ari ngirakamaro kandi vyerekana ko Sudani ikoze amateka meza kuva yakabaho.

Bimwe biri muri ayo masezerano yateweko umukono ni nk’ibijanye n’ikiringo igisirikare kizomara k’ubutegetsi imbere y’uko buhabwa abanyagihugu aho bitegekanywa ko igisirikare kizomara amezi 21 ya mbere atangura inyuma y’aho ubutegetsi bubone guhabwa abanyagihugu nabo batware amezi 18 mu nyuma baheze batunganye amatora.

Ayandi masezerano ajanye n’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu ca Sudani yitezwe ko ku musi wa gatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro 2019 ariho azoterwako umukono.

Twobibutsa ko Perezida Omar Al Bashir yakuwe k’ubutegetsi n’igisirikare mu kwezi kwa Ndamukiza uwu mwaka w’2019 akaba yari amaze ku butegetsi ikiringo kingana n’imyaka mirongo itatu.

- Advertisment -

Must Read

Yvan Muziki yoba yagize ubugeni n’umunyarwandakazi Marina?

0
Ku musi w’ejo habonetse amashusho n’amasanamu ya Yvan Muziki hamwe n’umukunzi wiwe akaba n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Marina, baboneka mu mwambaro w’ubugeni. Ayo mashusho akaba yabonetsemwo abantu...