5.5 C
New York
Saturday, December 4, 2021
HomehomepageAbagabo batatu batawe muri yompi ku mvo z'amatohoza

Abagabo batatu batawe muri yompi ku mvo z’amatohoza

Imodoka yo mu bwoko bwa Probox yari itwaye imifuko irimwo igiti c’umuvyivyi c’i Bugabira mu ntara ya Kirundo yafatiwe ahitwa ku Mukenke i Kobero mu ntara ya Muyinga iriko ija mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro umwaka w’2019 niho abajejwe umutekano bafata iyo modoka yo mu bwoko bwa Probox ifise imparati IA 5076 irimwo imifuko ine ipakiyemwo ico giti c’umuvyivyi hamwe n’abagabo batatu aribo Kaziri Eric, Majambere Ernest hamwe na Bizimana Sylvestre.

Abajejwe umutekano muri komine ya Butihinda bakaba baciye bafata iyo modoka n’ivyari biyirimwo vyose co kimwe n’abo bagabo batatu mu ntumbero yo gutangura amatohoza.

- Advertisment -

Must Read

Neymar ngo azosubira mu kibuga mu mwaka uza wa 2022

0
Neymar Junior ngo indwi ziri hagati ya 6 n’8 nizo zishobora kuzohaca imbere yuko uwo musore w’umunya Bresil asubira kuboneka mu gitigiri c’abakinyi ba...