5.5 C
New York
Monday, January 18, 2021
Home homepage Match amical : Intamba zaraye zinganije na Rukinzo Fc

Match amical : Intamba zaraye zinganije na Rukinzo Fc

Intamba mu rugamba zaraye zinaniwe no gutsinda Rukinzo Fc.

Mu ntumbero yo kwitegurir neza inkino zo gukurakuranamwo za CHAN kuri intamba hamwe na Rukinzo Fc muri Confederation Cup, kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 21 Mukakaro umwaka wa 2019 isaha icenda z’umuhingamo ku kibuga c’Intwari niho umugwi w’intamba mu rugamba watana mu mitwe n’umugwi wa Rukinzo Fc mu rukino rwa kivandimwe rwarangiye iyo migwi yompi inganije ibitsindo 2-2.

Rukinzo Fc niyo yatanguye gutsinda igitsindo cambere ibicishije ku musatirizi wawo ariwe Yasser Tuyisenge ku munota wa 19 w’urukino kiza kugomborwa na Abdi Ndayikeza ku munota wa 45 w’urukino igice cambere kiba kirangiye imigwi yompi inganije igitsindo 1-1.

Mugice cakabiri umumenyereza w’intamba Alain Olivier Niyungeko yahinduye abakinyi bose 11 yari yatanguje mu gice cambere abasubiriza n’abandi, umukinyi w’umusatirizi wa Rukinzo Fc yahoze akina muri Vital’o Fc mu myaka iheze ariwe Ally Shabani yaronkeje Rukinzo Fc igitsindo cakabiri ku munota wa 62 , munyuma yaho ico gitsindo cahavuye kigomborwa na Olivier Bayizere ku munota wa 86, gutyo iminota 90 iza kurangira iyo migwi yompi inganije ibitsindo 2-2.

Mukamenya y’uko Intamba mu rugamba zimirije urukino rwo kurondera itike ya CHAN izobera muri Cameroun n’umugwi wa Sudan y’epfo ruzoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka wa 2019, isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwari.

Must Read

Etoile du centre ngo bagiye gusubira kandi kuboneka ku rubuga rw’umuziki...

0
  Umugwi Etoile du centre ngo ugiye kandi gusubira kuboneka mu muziki ndundi, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyi Paci Etoile du centre mu kiyago yagiraye n’imwe...