Mt number one abona ko kwihutira kuja kurondera Collabo hanze y’igihugu atariwo muti, ukubanza kurondera gushigikirwa iwanyu, ngo nico nkenerwa gusumba.
Mt number one ngo yipfuza kubanza gufata akarere k’Uburundi mu muziki, imbere yuko afata akanya ko kuja kurondera Collabo n’abandi baririmvyi b’abanyamahanga. Ivyo nivyo umuririmvyi Mbarushimana Etienne batazira Mt number one yashikirije mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.
Muri ico kiganiro na Dj fanny 257, yabajijwe ico abantu bokwitega muri ino misi inyuma ya Collabo bakoranye na Sat-b. Yishura ko vuba cane indirimbo nshasha ziriko zirakorwa. Ariko ku kibazo c’ugukorana indirimbo n’abanyamahanga, ngo ntiharagera, kuko abikoze kwoba ari ugusimba intambwe.
Uwo muririmvyi akabona ko imbere yukuja mu mahanga ngo ari vyiza kubanza kwanza gushigikirwa neza iwanyu, ngo niho no mu mahanga bakwakira neza.
Mukamenya ko Mt number one ari umwe mu baririmvyi b’abarundi baba mu mahanga bakora cane, akaba abona, indirimbo ziwe zikaba zisohoka zitari nke mu mwaka, kandi zikanakorerwa promotion bikomeye mu Burundi, s’ico gusa kuko indirimbo ziwe zinagurishwa ku mbuga mpuzamakungu zisanzwe zigurisha umuziki