BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Miss Monna Walda yavuze kwi foto yabonetse yahenye

 


Ukwiyahura kuko vyashitse agahena vyo ngo ntibikunda, vyashitse atabishaka, ikimenyamenya nuko atanamenye nuko hari uwamufotoye gushika aga foto kamushikiriye.

Ikibazo c’uguhena cabonetse Kuri Monna Walda umusi w’itangwa ry’ubushimwe mw’ihaganwa BMA ngo ntiryamuvuyeko. Monna akaba aheruka kubiyagira abakorera Platform Show.

Muri ico kiganiro uwo mwigeme yigeze kuba icababa ca Miss Burundi muri 2016 ishira 2017, yavuze ko ivyashitse atari yabiteguye, yabibonye nawe bamurungikiye foto.

Uwo mwigeme w’imyaka 21 yavuze ko ivyo vyabaye ariko afata amashusho azoshirwa ku rubuga rwa YouTube rwiwe ngo ntiyari yanabonye ko hari uwuriko aramufotora.

 


Yongeye avuga ko icatumye ayafata ako kanya ngo vyavuye kuko ariwe yari umu MC muri urwo rubanza, bituma ataronka akanya ko kuyafata igihe abandi bariko bifotoza.

Monna avuga ko iyo shusho umusi isohoka yiriwe ayirungikirwa umusi wose, ariko akaba atatahura igituma ayirungikirwa kuko ata kundi yari gukora.

Ingingo yaciye afata inyuma yaho yahisemwo guhora, kuko ngo yarabizi neza ko mu mwanya muto bamaze kuja muri Primusic, bizoca bihinduka bakaja muri ivyo gusa.

 

 

View this post on Instagram

 

A post shared by King Yann Cool (@kingyacool) on

Ivyo akaba abishikirije inyuma yaho iyo shusho ihanahaniwe cane Ku mbuga ngurukanabumenyi, bavuga ko yahenye, bikamara imisi bivurwa.

Ivyo kandi bikaba bidashikiye we wenyene gusa kuko muri uno mwaka nyene n’umukunzi wa Cristiano Ronaldo yashikiwe n’ibisa nkivyo, agahuzu ko musi y’impuzu kaboneka ata mugambi yarabifisemwo, mu gihe yari yitabiriye igikorwa bari bamutumiyemwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 591