Zari ngo we yagize ubwenge agurirwa inzu, apana Imodoka nka Tanasha. Kuko we ngo ataraba imbere y’ibirenge gusa ahubwo araba kure cane.
Kuba Diamond yahaye akaganuke k’imodoka izimvye cane Tanasha ku musi wiwe w’isabukuru ry’amavuko ngo n’ibintu bisanzwe cane, Zari akaba yabivuze aho yabazwa ico avyibazako kuko we atigeze ahabwa na Diamond akaganuke nkako.
View this post on Instagram
Kubwa Zari ngo ntaraba imbere y’ibirenge, ahubwo araba kure cane, kuko imodoka ari akantu gato cane. kubwiwe umukobwa azi kurondera kandi azi ubwenge, imodoka yoyigurira. Ariko we akavuga ko yagabanye ikintu Atari umwanya uwariwo wose kiboneka mu minwe y’inkumi.
Ico kintu avuga ngo n’inzu, aho akavuga ko ugusaba ko abana biwe bagurirwa inzu ngo bwabaye ubwenge. Igurwa ryayo Zari akavuga ko vyari ibiharuro bikomeye gose, vyongera bihezagirwa n’uko Diamond yarahejeje kuronka amafaranga akuye mu masezerano na Universal.
Diamond akaba yahebwe na Zari mu mwaka wa 2018 mu kwezi kwa 2, amakuru y’uko bamuhevye akaba yabimenyeye ku rubuga rwa Instagram rw’umukunzi nk’abandi bose.