Ni akaryo keza ko kwigaragaza ku bakinyi bakina hano mu gihugu
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwara, umugwi w’intamba w’abakinyi bakina hano mu gihugu uzoramuka wakira umugwi wa Sudan y’epfo mu rukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca CHAN 2020 zizibera muri Cameroun.
Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ukaboneka y’uko uriko uriyubaka gushasha bivanye n’uko kumwaka kumwaka haguma hasohoka abakinyi batari bake bagomwa n’imigwi y’ibihugu dusangiye imbimbe .
Mukamenya y’uko intamba mu rugamba ku musi wa Mungu igenekerezo rya 21 Mukakaro umwaka wa 2019, zakinye urukino rwa kivandimwe n’umugwi w’abaporisi Rukinzo FC uzoserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF Champions league imigwi yompi ikaba yarangije urukino ku bitsindo 2-2.