homepagekirundikirundi_Sports

Saido Berahino mu nzira yo kugeragezwa mu Bufaransa

Inyuma yo gukora imyimenyerezo mu bubirigi muri kino gihe yamaze gushika mu Bufaransa naho.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 umwaka wa 2019, ikinyamakuru Afrik Foot cavyutse candika amakuru ya kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino avuga y’uko yoba agiye kugeragezwa mu gihugu c’ubufaransa mu mugwi wa Nimes ukina mu cicaro cambere.

Saido Berahino gushika muri kano kanya nta mugwi n’umwe afitaniye amasezerano bisigura y’uko imiryango yuguruye ku migwi yose yoba imwipfuza mbere akaba anitezwe gukina mu rukino rwa kivandimwe ruzohuza umugwi wa Nimes Olympic hamwe na Toulouse ruzoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro Umwaka 2019 .

Mukamenya y’uko Saido Berahino mu misi iheze yimenyereza mu mugwi wo mu bubirigi witwa Zulte Waregen aho vyavuzwe y’uko yoba agiye gukina muri uyo mugwi ariko mu nyuma biza kubeshuzwa n’uwusanzwe ari hafi yiwe Manager Mutima Constantin avuga y’uko arimwo gukora imyimenyerezo isanzwe .

Saido Berahino akaba yarakinye mu gihugu c’ubwongereza mu mugwi West Broom Albion, Stock City muri kino gihe akaba ata mugwi afise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 689