Sunny yipfuza gukorana indirimbo na Diamond ari nka hamwe bishobotse, ivyo nivyo aheruka kuvugira mu kiganiro The Playlist gica ku nsamirizi Times Fm.
Inyuma y’indirimbo Sunny yakoranye na Bruce Melodie bakayita Kungola, igakundwa cane mu Rwanda mbere na hano iwacu, noneho agakurikizako iyindi yise my Property, uwo muririmvyikazi ngo ntiyiteze kugarukira ngaho nkuko yabiyagiye ikinyamakuru Times fm co muri Tanzania mu kiganiro The playlist.
Aganira na Lil Ommy, uwo muririmvyi w’umunyarwanda yavuze ko indirimbo yiwe Kungola yakunzwe cane, ikimenyamenya ngo nuko uno musi n’abana bahaguruka bakayitamba bikomeye. Arico afitirako kuraba indirimbo yakunzwe cane, Hit Song.
Uwo muririmvyikazi akaba yabwiye uwo mumenyeshamakuru ko urugendo rwamushikanye muri Tanzania Atari ukuja mu binyamakuru gusa -Radio Tour-, ahubwo ngo yarafise umugambi wo kubonana n’abaririmvyi bamwe bamwe ngo bikunde babashe gukorana indirimbo.
Mubo yavuze, yashizemwo Aslay, aho we bamaze guheza gukorana indirimbo, iyo ikazosohoka vuba. Iyo ndirimbo Sunny akavuga ko izoba ari indirimbo itambika cane. Uwundi yabashije kuvuga, yavuze umuririmvyi Diamond aho ngo yipfuza ko bokorana indirimbo.
Uwo mumenyeshamakuru yamubajije ko hari umugambi afise wo gukorana na Tanasha indirimbo, kuko yabonetse arikumwe nawe ku muhora wa Snapchat. Yishuye ko bishoboka ariko atari ubu, ngo bazobiraba.
Sunny benshi batazira Kungola yavuze kandi ko ubu agiye gutangura kuzoza araje mu gihugu ca Tanzania kuza arakorerayo amasanamu y’indirimbo kuko yahabonye abakomeye.
Mwomenya ko iyo ndirimbo isohotse izoba ibaye iya 3 asohoye, akavuga ko yahagaritse ivy’ubunya Mideli ngo bikunde akore umuziki, kandi mu mwanya muto ngo bikaba bimaze gutanga ivyamwa.