Ndikumana Pablo umumenyereza w’umurundi agiye kwifadikanye na Amars Niyongabo Akbar mu kumenyereza umugwi Musanze Fc ukina mu cicaro cambere mu gihugu c’Urwanda .
Pablo akaba yahawe amasezerano y’imyaka ibiri yo kuba icegera c’uwundi mumenyereza w’umurundi ariwe Amars Niyongabo.
Pablo akaba yakinye mu mugwi Prince -Louis kera akaba yarakinye no mu Rwanda mu migwi itandukanye ndetse aranamenyereza umugwi wa Amagaju Fc igihe warimwo abakinyi b’abarundi nka Tchabalala hamwe na Ndikumana Tresor .