Entertainmenthomepagekirundi

Zari ngo yoba abesha ku bwiza n’ubuzima abayemwo

Mu gihe abamwagiriza ko ubwiza n’ubuzima abayemwo atarivyo afise vyukuri, Zari yahavuye ava mu gacerere atanga umuco, anerekana bamwe mubamuvuga uko baba bameze.

Ku kibazo c’uko ubuzima Zarinah Hassan yerekana kuri Social media ataribwo, yararonse akaryo ko kubivugako naco. Yabwiye Ayo Tv ko ibivurwa atrivyi na gato, ahubwo ngo ubuzima yerekana aribwo abamwo.

Zari yabwiye ico kinyamakuru co muri Tanzania ko atazigera yifotoza ari kwi kinga canke ari mu murima, noneho ngo yandikeko ko aribwo buzima abamwo. Ahubwo ngo azokwifotoza ari mu modoka nziza, mu nzu nziza, mu biro vyiza, kuko aribwo buzima bwiwe. Ikimenya menya ngo nuko yavuze ko imodoka ya ferari agiramwo muri kino gihe Atari iyiwe ahubwo ari iy’umugabo wiwe.

Nayo ku kibazo c’ubwiza afise ngo bwoba bwongereza n’uburyo izo mbuga zazanye, avuga ko asanzwe ari mwiza uko ari, ariko ngo nkabandi bose kuri izo mbuga ngo nawe akoresha ubwo buryo izo mbuga zazanye. Ariko agatangazwa n’ukuntu abantu bose babikoresha ariko hageze kuriwe kikaba ikizira.

Yanahavuye atanga umuco avuga ko abakobwa bakoma amaruru ko ari mubi, ahubwo ko akoresha ubwo buryo bwo kwigira mwiza, ngo ubwabo basanzwe ari babi. We akavuga ko atahura cane ivyo bavuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 338