homepagekirundi

Romeo (Igwe) ntiyihanganiye namba amwe mu majambo yaririmbwe na Kirikou A Kili

Inyuma y’aho Kirikou A Kili asohoreye indirimbo vyavuzwe cane ko yoba yararirimvye Natacha na Sat-b aho twovuga nk’amazina yumvikanyemwo nka Simba Dume na Simba Dike abenshi batahura neza ko ari Sat-b na Natasha.

Kur’uyu wa 25/07/2019 Ni Romeo yanditse ubutumwa bunini asa nk’uwushikiriza uwusanzwe afasha uwo mwana akiri muto cane Kirikou aho yagize ati :

“None nk’umwana nka Kirikou yihaye gutuka; kwifatira mu gahanga abantu nka Nat /na Sat havuye guta indero n’ubuwerewere; ikindi kintu bimufasha nikihe?
Uyu kweri araharura imyaka n’amagogwa y’umuziki imutandukanya n’aba bantu??
Kuwumureze
Urazi kwivyo akora vyitirwa wewe?”

Aho Romeo Igwe yabandanije no kubamenyeshamakuru bavuza ibikorwa vyiwe aho naho yagira ati :

“Kubanyamakuru.
Mukumuha ibiganiro no kubi promotinga muba muriko muramushigikira; mwen’izi ngeso ejo niyabaduka muzokwitoza utwatsi nk’uko umengo ntimuzi iyo vyazananye
Ikebuke”.

Ni Romeo avuze ivyo mugihe aheruka kuvuga ko yasanze umuziki warahindutse agiye gukora uko ashobora nawe agire kurwego rw’abandi ariko atemeranya n’uko yohava aheba Style ya LiveMusic.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 573