5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home homepage Ashu Cyprian ati "Icizere ni cose ku bakinyi banje"

Ashu Cyprian ati “Icizere ni cose ku bakinyi banje”

Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu wa Sudan y’epfo Ashu Cyprian ngo afitiye icizere kidasanzwe abakinyi biwe.

Mu kiganiro yatanze nawe nyene ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro umwaka wa 2019, isaha zitanoz’igitondo kuri Centre Technique, uyo mumenyereza yavuze y’uko urukino rugiye kubahuza n’umugwi w’intamba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka wa 2019 isaha icenda ku kibuga c’Intwari ari urukino rw’akamaro kandi abakinyi biwe biteguye neza bihagije rero akaba abafitiye icizere akaba yaboneyehe n’akaryo ko kwipfuriza intamba mu rugamba kwerekana urukino rwiza tutibagiye n’umugwi asanzwe amenyereza wa Sudani y’epfo.

Akaba yavuze ati “uru rukino rugiye kuduhuza n’Uburundi ni urukino rw’akamaro, abakinyi banje biteguye neza gutana mu mitwe n’Uburundi nkaba ndabafitiye icizere co kwitwara neza muri urwo rukino nkaba mboneyeho n’akaryo ko kwipfuriza umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba kwerekana urukino rwiza hamwe n’umugwi wanje wa Sudani”.

Mwomenya y’uko Coach Ashu Cyprian afise ubwenegihugu bwa Cameroun

Must Read

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

0
Igiporisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24...