5.5 C
New York
Wednesday, January 20, 2021
Home homepage Kanakinama Bienvenu yaraye afashije Atlanta United B kunganya na Charlotte Independence

Kanakinama Bienvenu yaraye afashije Atlanta United B kunganya na Charlotte Independence

Ubuhinga bwo gutdinda ibitsindo muri Aigle Noir nibwo atanguye gukora muri America mu mugwi Athlanta United.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 25 Mukakaro niho umugwi Athlanta United B ukina mu cicaro ca kabiri muri America wahura n’umugwi wa Charlotte Independence urwo rukino rurangira imiywi yompi inganije ibitsindo 2-2.

Kanakimana Bienvenue akaba ariwe yaraye afashije Atlanta United kunganya na Charlotte Independante .

Umugwi Charlote niwo watanguye gutsinda igitsindo mu nyuma kiragomborwa na Kanakimana Bienvenue maze arongera n’ikigira kabiri mu nyuma umugwi Charlotte urakigombora urukino ruba rurangiye ari 2-2.

Kanakimana Bienvue urwo urukino rurangiye yaciye atorwa nk’umukinyi yitwaye neza gusumba abandi muri urwo rukino ( Man of the Match)

Mu nkino zine amaze gukinira muri uwo mugwi wa Athlanta United, Kanakimana Bienvenue akaba amaze gutsinda ibitsindo bibiri .

Mukamenya y’uko uyo musatirizi wa kera wa Aigle Noir The Fighter niwe yatowe nk’umusatirizi mwiza yarushije ibitsindo abandi mw’ihiganwa rya Primus league ry’umwaka uheze wa 2018-2019 , mbere atorwa kandi nk’umukinyi mwiza yaranze iryo higanwa ry’umwaka wa 2018-2019.

Must Read

Kigali yasubijwe muri Gumamu rugo ( Lockdown )

0
  Guhera kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19/1, Kigali yose yasubiye kandi muri Guma mu rugo, intandaro n’ibitigiri bibandanya biba vyinshi vy’abagwaye COVID-19 bibandanya...