5.5 C
New York
Tuesday, January 19, 2021
Home homepage Urasenga Dany Cedric : Ubumwe buri hagati y'abakinyi nibwo buzotuma batsinda Sudani...

Urasenga Dany Cedric : Ubumwe buri hagati y’abakinyi nibwo buzotuma batsinda Sudani y’epfo

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Urasenga Dany Cédric Kagabo yijeje intsinzi abarundu bose

Inyuma y’ikiganiro umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yariko aragirana n’abanditse hamwe n’abamenyeshamakuru Urasenga Dany Cedric Kagabo nawe nyene yashoboye kwishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru.

Dany akaba yavuze y’uko umugwi kuva aho batanguriye imyimenyerezo mu ntamba mu rugamba haraciye indwi 3 bari hamwe ngo ngo ubwo bumwe buhari kuriwe na bagenziwe nibwo bushobora gutuma batsinda Sudani y’epfo .

Akaba yavuze ati :”gushika muri kano kanya tumaze indwi 3 turi hamwe ubumwe buri hagati yacu na bagenzi banje nibwo bushobora gutuma twitwara neza mu rukino rw’ejo”.

Mukamenya y’uko urukino rutegekanijwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka wa 2019 rukazotangura igihe c’isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwari kiri i Bujumbura kera cahora citwa ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore .

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...