5.5 C
New York
Thursday, April 22, 2021
Home homepage Super Cup : Aigle Noir igiye gusubira guhura na Rukinzo Fc

Super Cup : Aigle Noir igiye gusubira guhura na Rukinzo Fc

Imigwi Aigle Noir na Rukinzo Fc yakiye urukino rwa mnyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu igiye gusubira guhura mu rukino rwa Super Cup.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 03 Myandagaro isaha icenda 15h00 ku kibuga c’ingoma kiri ku mugwa mukuru wa politike Gitega niho hategekanijwe urukino rukomeye ruzohuza umugwi Aigle Noir uzoserukira igihugu muri Champions league hamwe na Rukinzo Fc izoserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF confederation cup.

Ni urukino ruzoba rukomeye bivanye n’uko iyo migwi yompi yiyubatse gushasha ndetse iranagura abakinyi b’abanyamahanga batari bake.

Mwokwibuka y’uko mu rukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu umugwi wa Aigle Noir ariwo watsinze Rukinzo Fc ibitsindo 3 kuri 1 bica bituma Rukinzo Fc iserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF confederation Cup bivanye n’uko Aigle Noir yari yamaze gutwara igikombe ca Primus league.

Kwinjira akazoba ari ku buntu .

Must Read

Mvuyekure Emmanuel yaraye afashije KMC kunganya na Biashara United

0
Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2021, Umugwi KMC ukinamwo Umukinyi w’umurundi Mvuyekure Emanuel wari wakiriye umugwi Biashara United mu rukino rw’indwi...