Ubuhinga bwo gutsinda ibitsindo yakoresha igihe yakina muri Aigle Noir nibwo ariko arerekana muri Atlanta United .
Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 02 Myandagaro umwaka wa 2019 , niho umugwi Atlanta United wo mu cicaro cakabiri ukinamwo umusatirizi w’intamba mu rugamba Kanakinama Bienvenue wari wakiriye umugwi wa Loudoun United . urwo rukino rukaba rwarangiye Atlanta United inyagiye bimwe bikomeye umugwi Loudoun United ibitsindo 4-2.
Umusatirizi w’intamba mu rugamba Kanakimana Bienvenue yaraye atsindiye uyo mugwi wa Atlanta United ibitsindo 3 wenyene bita ( Hat- trick) aca atahana umupira nkuko amategeko abivuga.
Uyo mukinyi akaba yaraye akwije ibitsindo 6 mu nkino 3 amaze gukina.
Mukamenya y’uko Kanakimana Bienvenue yagiye muri America muri uyo mugwi wa Atlanta United avuye mu mugwi Aigle Noir aho mu mwaka uheze yawufashije gutwara igikombo c’ihiganwa rya Primus League 2018-2019.
Yaratowe no kuba Umusatirizi wa mbere afise ibitsindo vyinshi ndetse aranatorwa nk’umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Primus league 2018-2019.