5.5 C
New York
Sunday, April 18, 2021
Home homepage Eliminatoire CHAN2019 : Intamba zaraye zisezereye Sudani y'epfo

Eliminatoire CHAN2019 : Intamba zaraye zisezereye Sudani y’epfo

Umugwi w’intamba mu rugamba w’abakinyi bakina hano iwacu waraye usezereye umugwi wa Sudani y’epfo .

Hari kuri uyu w’imana waraye uheze igenekerezo rya 04 isaha icenda 15h00 ku kibuga ca KCCA Stadium kiri i Kampala mu Buganda aho umugwi wa Sudani y’epfo wari waramutse wakira umugwi w’intamba mu rugamba mu rukino rwo gusubiriza rwo kurondera itike yo gukina ihiganwa rya CHAN ry’abakinyi bakina mu bihugu vyabo ,urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye Intamba mu rugamba zisezereye Sudani y’epfo ku bitsindo 2-1.

Ibitsindo vy’intamba bikaba vyaraye vyinijijwe na Iddy Museremu hamwe na Olivier Dusabe .

Intamba mu rugamba zikazoca zihura n’umugwi nserukiragihugu w’Ubuganda “Uganda Crans”.

Mukamenya y’uko urukino rwo gutangura rwabereye i Bujumbura ku kibuga c’Intwari, intamba mu rugamba zari zirahiye Sudani y’epfo ibitsindo 2-0.

Must Read

Ibibanza bizokwimurirwamwo abatewe n’amazi mu Gatumba vyamaze kuboneka

0
Urwego rw’igihugu rujejwe gukinga impanuka rufadikanije n’ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara rumenyesha ko ibibanza vyo kwubakamwo amazu bigera kw'ijana na mirongo itanu bimaze gutegekanywa,...