Atahutse agana umuhana, umwamikazi wa Vivi Muyomba yategerewe n’abagizi ba nabi bamutemaguza imipanga mu Kamesa iyo asanzwe aba.
Umurimvyikazi Linah la Blanche yaguye mu mutego w’abagizi ba nabi mw’ijoro ryo kuwa 06 rishira uwa 07 Myandagaro uwu mwaka, bamutemaguza imipanga Imana ikaba ariyo yamurokoye.
Linah akaba amaze imyaka myinshi aba aho mu Kamesa, agakorera akazi kiwe k’umuziki mu gisagara ca Bujumbura.
Ivyo kikaba bimushikiye inyuma y’imisi mike gusa yubakanye biciye mu mategeko n’umukunzi wiwe Vivi Muyomba.
Gushika ubu abakoze iryo bara bakaba bataramenyekana ngo bashengezwe.
Ubwo bukozi bw’ikibi bwo gutemaguza imipanga abantu akaba aribwo bwahitanye kizigenza mu baririmvyi yaramutswa ishirahamwe ryabo (Amicale des Musiciens du Burundi) Bruno Simbavimbere batazira Member.
Linah la Blanche akaba ari umuririmvyikazi wa hano iwacu afise ijwi ryiza cane akanagira n’ingabirano zo gusubiramwo indirimbo na cane ziri mu rurimi rw’igiswahili kumwe n’icongereza.