Inyuma y’igiteramo akoreye i Bujumbura atumweko n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi kikitabirwa n’abantu batari bake, Diamond agiye kugaruka i Bujumbura ahakorere ikindi giteramo. Akazoba azanwe na kamwe mu bubare bwa hano iwacu kazwi kw’izina rya Zion Beach kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro uwu mwaka arinaho azoba ariko arateramisha abanyabujumbura bazoba bamwitavye nkuko biza vyamaze kuja ahabona ndetse namahera y’ukwinjira mu bibanza bitandukanye akaba yamaze kumenyekena aho mu kibanza gisazwe azoba ari amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi (50.000Fbu) nayo mu bibanza vy’iteka bakunze kwita VIP akazoba ari ibihumbi mirongo itandatu na bitanu vy’amarundi (65.000Fbu).
Harategekanijwe kandi imeza zigera kuri zitandatu z’abashitsi b’iteka bakunze kwita VVIP, gusaba ko bakubikira ico kibanza usabwa kwakura ku nomero ya terefone 76 779 999.
Mwomenya ko uwo muririmvyi yaheruka hano iwacu igenekerezo rya 28 Mukakaro 2019 kuri ETS Kamenge mu giteramo c’igice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic.