5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home homepage Manirakiza Amouri ngo icizere ni cose co gutsinda PVP Buyenzi

Manirakiza Amouri ngo icizere ni cose co gutsinda PVP Buyenzi

Umumenyereza w’Umugwi Fofila Pf w’abigeme ashobora gutwara igikombe kigira kabiri yikurikiranije.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Myandagaro umwaka wa 2019 isaha zine zo mugatondo 10h ku kibuga c’Urukundo kiri mu ntara ya Ngozi niho umugwi w’abigeme Fofila Pf uzoba uriko urakira umugwi PVP Buyenzi mu rukino rw’indwi ya 17 y’ihiganwa ry’abigeme.

Umugwi wa Fofila Pf w’i Ngozi uramutse utsinze urwo rukino canke ukanganya uzoba utwaye igikombe kigira 5 c’ihiganwa ry’abigeme.

Aganira na Indundi Sports, Manirakiza Amouri yavuze y’uko icizere ari cose co gutsinda umugwi wa PVP Buyenzi.

Akaba yagize ati”: Mfise icizere c’uko nzohakura intsinzi ishimishije nkaba mbwiye abanye Ngozi baze kubwinshi kuraba urwo rukino”.

Manirakiza Amouri aramutse atsinze urwo rukino canke akanganya azoba atwaye igikombe kigira kabiri yikurikiranije arikumwe n’umugwi Fofila Pf naho azoba agisigaje urukino rumwe kugira ihiganwa rirangire .

Kwinjira kurorera urwo rukino akaba ari amafaranga igihumbi kimwe c’amarundi (1000Fbu)  ku muntu wese.

Must Read

Eddy Kamoso ngo ntaje gupima akarere, agarutse gukora umuziki

0
  Eddy Kamoso ngo yarabonye Imana ikora muri iyi myaka 5 iheze asubiye gukorera I Kigali, iyo ngo niyo mpamvu nyezina yatumye yandika indirimbo “Ndiho”...