Naho adahakana canke ngo yemeze ko arwaye iyo ngwara yagirizwa, Wema mu mvugo yiwe yishurana n’akanyamuneza ko muri kino gihe umuti wamwanse.
Igabanuka rya Wema Sepetu ryatanguye gutuma haba impari nyinshi. Igituma ngo nuko bidatahuritse ko umuntu ashobora kugabanuka bigeze aho ageze.
Bamwe mu babonye amashusho yiwe bavuga ko uwo mukobwa yoba muri kino gihe asigaye arwaye umugera. Ivyo adahakana canke ngo yemeza, ariko yishuranye agatwengo kenshi aho avuga ko muri kino gihe umuti wamwanse, mu gihe akivyibushe ngo wari wamukunze.
Ukwo kugabanuka ntikuvurwako rumwe kuko bamwe bavuga ko aberewe avyibushe, mu gihe abandi bo babona ko yonze nk’aba Miss ngo ariho aberewe gusumba abandi.
Wema akaba yaheruka kumenyesha ko ibanga ry’igabanuka ryiwe ngo azorishira ahabona mu misi iza. Ariko akaba atamenyesheje ryari. Ivyo vyose bikaba biriko bihererekanwa Ku rubuga rwa Instagram urusigaye rukunzwe cane muri ico gihugu ca Tanzania.