Mavugo Laudit yahawe agashimwe k’uwatsinze ibitsindo vyinshi muri Zambia

0
466

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Myandagaro umwaka wa 2019 isaha 20h z’ijoro mw’ihoteri yitwa Radisson blue iri i Lusaka muri Zambia niho hari haramutse haba ibirori vyo gutanga ubushimwe ku bakinyi bitwaye neza mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2019-2020.

Mavugo Laudit akaba yarangije ihiganwa afise ibitsindo 10 co kimwe n’abandi bakinyi babiri banganije ibitsindo bose baronkejwe udushimwe.

Mavugo Laudit yasubiye kandi atorwa mu bakinyi 11 bita Equip type bitwaye neza mw’ihiganwa ryo muri Zambia .