homepagekirundi

Vyarantangaje ariko kandi vyari bishimishije

Ngo kwankira Dj kuvuza indirimbo zo hanze vyari bifise ico bisobanura kumuziki w’Uburundi

Kuri uyu wa 18/08/2019 niho hari haramutse hatunganywa igiteramo citiriwe Wanajeshi aho ubona ko bose uko ari bane bari bafatanye bashira inguvu zabo hamwe bakoranya abakunzi b’umuziki wabo n’uw’Uburundi muri rusangi.

Mugihe bimenyerewe ko imbere yuko bakira abaririmvyi kubutambiro (Stage) babanza kuvuza canke hakaba ivangavanga ry’indirimbo zigiye zitandukanye navyo bigakorwa na Dj aba yaje guteramika abaraho; aho kuri uyo musi mu kibanza ca Safi Beach harabereye ibitanganza bidasanzwe aho habonetse ukwiyamiriza kudasanzwe indirimbo mva mahanga atari iz’abarundi

Aho Dj yashiramwo izo ndirimbo abakunzi b’umuziki bagize bati:
Booooo booooo boooo boooo; ntazo dushaka…..ntazo dushakaaaa

Aho vyagaragaye nk’umunezero wa bamwe mubakunzi b’uno muziki wa hano iwacu bivanye nuko hamaze imisi hidogerwa amashirahamwe amaze imisi atumako abanyamaganga kandi bakagirako bakabaha amafaranga menshi atagira uko angana.

Big Fizzo mu kiganiro twakoranye kur’uyu wa 19/08/2019 we yagize ati:
“Vyari bitangaje ariko vyari bisekeje kubona abanyagihugu batagishaka gukundishwa izo ndirimbo mva mahanga ariko hakaba hakiri amaradiyo agikundisha izo ndirimbo abarundi bigatuma iyo baje hano basanga abarundi babashashaye kandi n’indirimbo zabo ugasanga bazizi nka zose; rero kariko kanya ko kuraba bakabona ko bitagikenewe kuvuza cane izo ndirimbo kuko nabo bazivugiriza ntibakizikeneye; ahubwo nibabandanye bashigikire umuziki wacu bawukundishe abacu ibindi bizizana natwe tuzorushirizaho kubahimbara”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 579