Intamba mu rugamba zirabandanya imyimenyerezo yo kwitegurira Tanzania

0
925

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Myandagaro umwaka wa 2018 , ku kibuga c’intwari umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wabandanije imyimenyerezo yo kwitegurira urukino rwo kurondere itike yo gukina igikombe c’isi yose kizobera muri Qatar mu mwaka w’2022.

Urukino rukaba rutegekanijwe ku musi wa gatatu igenekerezo rya 04 ukwezi kwa 9 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari mu gihe urwo gusubiriza narwo rutegekanijwe kuzobera i Dar es salam igenekerezo rya 08 ukwezi kwa 09 umwaka w’2019.