5.5 C
New York
Tuesday, January 18, 2022
HomeBurundiBissosso yavuze ku bugeni bivurwa ko aheruka gukora

Bissosso yavuze ku bugeni bivurwa ko aheruka gukora

Naho amakuru y’ubugeni bissosso bivurwa ko ashobora kuba yakoreye i Bujumbura yari yakwiragijwe i kigali, Bissosso yabibeshuje.

Dj Bissosso yahakanye ayo makuru avuga ko yakoreye ubugeni i Bujumbura. Ayo akaba ariyo makuru yari yakwirakwijwe hirya no hino mu binyamakuru nyarwanda.

Amakuru dukesha Inyarwanda avuga ko mu kiyago bagiranye n’uwo mugabo w’umunya Gitega asanzwe abarizwa i Kigali, yabamenyesheje ko i Bujumbura yari mu bugeni, ariko ngo ntibwari ubwiwe.

Abajijwe impamvu yabonetse nkaho ariwe yari yabugize, yavuze ko we yari yasabwe kuhabera incuti yiwe itabarizwa i Bujumbura, kugira urubanza rube.

Sakubu Hassan benshi bazi nka Dj Bissosso akaba i Kigali ari mu ba Dj bake bahamagarwa mu bikorwa bikomeye muri ico gihugu. Akaba kandi ari n’umu Dj ku mboneshakure y’igihugu c’Urwanda.

Dj Bissosso akaba afise umutambukanyi i Kigali bafitanye abana 3 barimwo abahungu 2.

- Advertisment -

Must Read

Indyarya ya Emery Sun ngo niyo yaje guhumuriza abatari abakunzi b’ibishegu

0
Umuririmvyi w’umurundi azira igishegu ngo ni Ir Emery Sun, ivyo ni ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyi akaba kandi n’umuhinyanyuzi Pacifique Nzitonda benshi bazi nka Paci Etoile...