5.5 C
New York
Thursday, January 28, 2021
Home homepage #Diaspora| England : Amasaha aharurwa ku ntoke kugira Nziza Désiré abateramishe

#Diaspora| England : Amasaha aharurwa ku ntoke kugira Nziza Désiré abateramishe

Imyiteguro irashushe England kuri Nziza Desire na bagenziwe.

Mu gihe hitezwe igiteramo kidasanzwe ku muririmvyi Nziza, akuya niko gatemba ku mubiri, nayo ibikorwa bikaba ariyo mbarutso yako.

Desire akaba atashimye kuba nyamwigendako kuko muri ico giteramo azoba arikumwe n’abaririmvyi bamuka mu gihugu c’u Buganda nka Dneez na Tyba, adasize inyuma uwamuka mu gihugu ca RDC azwi kw’izina rya Icy banakoranye mu ndirimbo kula kulipa.

Mu gisagara Comventry co muri Englind akaba ariho hazobera ico giteramo co kuruwu wa 31 Myandagaro(08) 2018, kikazotangura isaha zine zijoro (22h00) ku masaha yo murico gihugu hakazoba ari isatanu zijoro (23h00)ku masaha ya hano iwacu.
Nziza mu kiganiro gito na Indundi Magazine amenyesha ko igiteramo kizoba kiryoshe Kandi kizohimbara abazocitabira, akanatumirira abakunzi biwe kuza ku mushigikira ari benshi.
Mu gusozera akanamenyesha ko abakunzi b’akazi kiwe bokwitega indirimbo nshasha ikozwe neza Kandi iryoshe yise “Sekura” yakoreye murico gihugu.

Must Read

Francine Niyonsaba avuze rimwe baba barikosoye  

0
  Ubwo ibihejeje kuba hagati ya Francine Niyonsaba umunonotsi w’Umurundi na rimwe mu mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, Econet, vyoba vyerekana ko hari iyindi ntambwe igiye guterwa...