5.5 C
New York
Wednesday, July 28, 2021
HomehomepageNdaye Chancel ntakije gukinira intamba mu rugamba

Ndaye Chancel ntakije gukinira intamba mu rugamba

Mugihe umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yari amaze gushira Ndaye chancel ku rutonde rw’abakinyi 29 bazokwitegurira urukino rwo gukurakuranamwo mu kurondera itike ryo gukina mu nkino zoguhiganirwa igikombe c’isi yose kizobera muri Qatar umwaka wa 2022, uwo mukinyi ntakije kwifadikanya n’abandi.

No

Ku makuru twakuye muri bamwe mu begereye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB, n’uko umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ari kumwe na Staff yiwe bahisemwo kudakinisha uwo mukinyi mu rukino rwa Tanzania bakazamukinisha mu zindi nkino zikurikira .

Chancel Ndaye n’umwe mu bakinyi bakina neza Ku ruhande rw’iburyo uwo mukinyi akaba yaranigezwe gushirwa ku rutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza mu nkino za CAN z’abatarenza imyaka 20 yabereye muri Niger muri uno mwaka ,muri kino gihe akaba akina mu mugwi MFK Vyskov uri mu cicaro ca gatatu mu gihugu muri Repubirika ya Tchèque .

- Advertisment -

Must Read

Mbonyi asabwe kutaza I Bujumbura kubera kwibuka abanyamulenge bapfiriye mu Gatumba

0
Igiteramo ca Israel Mbonyi I Bujumbura ntikiriko kivugwako rumwe na bose ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye zirimwo iz’uwo muririmvyi asanzwe akoresha. Uwo muririmvyi asanzwe ava mu...