Umwana yabuze arikumwe na Diamond agiye kumuronka ku wundi, kuko ubu ngo bishoboka.
Wema sepetu ngo abaganga bamaze kumaha icizere ko ashobora kuronka umwana mu myaka, mu gihe yoba avyipfuza.
Wema akaba abishikirije mu gihe yaramaze umwaka wose ari ku miti yandikiwe inyuma y’ukuva kwa muganga mu Buhindi. Akaba kandi abishikirije inyuma yo kuva kurabisha ico imiti yakoze.
Wema akaba yaramaze imyaka 7 agerageza kurondera umwana ariko vyanka, inda zimwe zikanakoroka. Ivyo bikaba bivurwa ko bishobora kuba vyatumye bamwe mubo bagendanye banamuheba, barimwo Diamond na Idriss.
Mwokwibuka ko inyuma ya Wema Sepetu, Diamond Platnumz yaciye agendana na Zarinah Hassanh, bahava bavyarana abana 2 imbere y’ukuvana.