5.5 C
New York
Tuesday, January 26, 2021
Home homepage Ibiciro vyo kwinjira mu rukino rw'intamba na Tanzania vyagiye ahabona

Ibiciro vyo kwinjira mu rukino rw’intamba na Tanzania vyagiye ahabona

Mu gihe hasigaye imisi itarenga 4 gusa kugira Intamba mu rugamba zitane mu mitwe na Tanzania mu rukino rwo gukurakuranamwo rwo kurondera itike yo kwitabira inkino z’igikombe c’isi kizobera muri Qatar mu mwaka wa 2022 , kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 myandagaro umwaka wa 2019 ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashize ahabona ibiciro vyo kwinjira muri urwo rukino.

Bikaba bimeze uku gukurikira :

-Ku mpande z’ikibuga benshi bita Pourtour : 5000fb

-Mu bwugamwo A na D : 20.000fb

-Mu bwugamwo: B na C : 100.000fb

-Mu bwugamwo bw’iteka benshi bita VIP: 200.000fb.

Ayo matike akazodandarizwa ahitwa kuri Palais des arts , Athènée Primaire, Zone Buyenzi , Petit Seminaire Kanyosha hamwe na Gard du Nord kuri Station Engen.

Must Read

Ishirahamwe Lumitel ryagirizwa kwiba Regideso umuyagankuba

0
Ishirahamwe rijejwe gukwiragiza umuyagankuba n’amazi mu benegihugu Regideso riheruka guhura n’ibibazo vy’ukwibwa umuyagankuba ufise igiciro c’amafaranga arenga imiriyoni 25 z’amarundi. Ni muri komine Ntahangwa, zone...