HomehomepageKanakinama Bienvenue yatshitse i Bujumbura kwifadikanya n'abandi

Kanakinama Bienvenue yatshitse i Bujumbura kwifadikanya n’abandi

Hari nk’isaha icumi n’imwe n’igice z’umgoroba (17h30) aho umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Kanakimana Bienvenue akinira umugwi wa Atlanta United muri America yashika ku kibuga c’indege citiriwe Perezida Melchior Ndadaye, akaba aje kwifadikanya n’abandi mu rukino rwo ku musi wa gatatu ruzohuza intamba mu rugamba na Tanzania.

Kanakimana Bienvenue akaba ahagaze neza mu mugwi akinamwo Atlanta United aho mu nkino 7 amaze gukina amaze kuwutsindira ibitsindo 6 harimwo na Hatrick.

N’umwe mu bakinyi Uburundi bumwizeyeko ibintu vyinshi muri kazoza bivanye n’ubuhinga akoreha mu kibuga .

Mukamenya y’uko mw’ihiganwa ry’umwaka uheruka wa Primus league igihe yariko akinira umugwi Aigle Noir niwe yabaye umusatirizi wa mbere yatsinze ibitsindo vyinshi muri Primus league anatorwa nk’umukinyi mwiza w’umwaka.

- Advertisment -

Must Read

Mwarabu ngo nta kantu yongera muri Rolex ziwe

0
Kuva ku mafaranga 30,000 fbu, uno musi akaba afise abakozi 10 ahemba, agaburira kandi anarihira aho baba, Gahungu David abatari bake bazi nka Mwarabu,...