5.5 C
New York
Tuesday, January 19, 2021
Home homepage Mavugo Laudit arabeshuza amakuru avuga y'uko agiye gukinira umugwi El Jadid wo...

Mavugo Laudit arabeshuza amakuru avuga y’uko agiye gukinira umugwi El Jadid wo muri Maroc

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro umwaka wa 2019 ku mbuga ngurukanabumenyi hiriwe harakwiragizwa ifoto y’umukinyi w’umusatirizi w”intamba mu rugamba Mavugo Laudit arikumwe na bakinyi b’umugwi El Jadid wo muri Maroc harimwo n’umukinyi w’umutanzaniya Simon Msuva aho abantu bahavuye bavuga y’uko yamaze guhabwa amasezerano muri uyo mugwi.

Inyuma yayo makuru Indundi Sports yahavuye yegera Mavugo Laudit kugira atange umuco ukwiye kuri iyo nkuru maze nawe arabeshuza ayo makuru aho yavuze y’uko yari ifoto imaze igihe asubira aremeza y’uko yigeze kuja muri uyo mugwi awukoreramwo imyimenyerezo ariko mu nyuma umugwi Napsa Stars akinamwo ntiwahavuye wumvikana n’umugwi Difaa El Jadid kuvyereyeke igurwa ry’uko mukinyi.

Mavugo akaba yagize ati : “Nivyo narigeze gushika muri Maroc muri uyo mugwi imbere y’uko nshira umukono ku masezerano mu nyuma bica biranka ko bumvikana amahera na Napsa Stars nca mbona gusubirayo muri Zambia, gushika ubu ndacari mu mugwi wanje wa Napsa Stars kandi nsigaje kuwukinira ikiringo c’umwaka”.

Mavugo Laudit akaba yitezwe i Bujumbura ku musi w’Imana kugira aze kwifadikanya n’abandi bagenzi biwe mu rukino ruzobahuza na Tanzania.

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...