5.5 C
New York
Sunday, July 25, 2021
HomeEast Africa NewsTanasha yatanguye gutega imitego Diamond Platnumz nka Zari

Tanasha yatanguye gutega imitego Diamond Platnumz nka Zari

Tanasha nawe yahambije Zarinah Hassan mu kuvuga ko Diamond abandanije aja mu bandi bagore, azovavanura nawe.

Tanasha yihindukije mw’ijambo, aho ubu naho avuga ko ata gahunda afise yo kugumana na Diamond mu gihe yoja mu bandi bakobwa.

Ivyo uwo mukunzi wa Diamond yabishikirije abicishije Ku rubuga rwiwe rwa Instagram, mu gice ca Story. Aho hakaba hari muri iyi ndwi.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe yaheruka kumenyesha ko kuba Diamond yaragendanye n’abandi bakobwa imbere yiwe, canke yoba afitanye ubucuti bwa hafi nabo, ngo ata kibazo bimutera, mu gihe afashwe nk’umwamikazi.

Ariko muri ico gihe nyene, Zarinah Hassan uwahoze ari umukunzi wa Diamond kandi akaba na mama w’abana 2 muri 3 ba Diamond, we yaburiye Tanasha ko ataravye neza ivyashikiye abandi, nawe bishobora kumushikira vuba cane.

Mwokwibuka ko uwo mukunzi wa Diamond ngo hasigaye imisi mike ngo abashe kwibaruka umwana wa 4 wa Diamond Platnumz, nayo Zari we akaba atekanye mu maboko y’uwundi mugabo muri Afrika y’epfo.

- Advertisment -

Must Read

Urunwarunwa nirwo Alvin Smith yarakeneye ku bantu  

0
Ibura ry’amasamanu y’urubanza rwiwe ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha ngo vyari bifise impamvu, ivyo bishikirizwa na Alvin ubwiwe mu kiganiro aheruka guha mugenzi wacu...