homepagekirundikirundi_Sports

Primus Ligue : Uku niko imigwi igiye guhura ku ndwi igira gatanu

Inkino zitegekanijwe kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 7 Nyakanga umwaka w’2019 mw’ihiganwa ry’igikombe Primus Ligue ry’umwaka w’2019 ushira uw’2020 ni inkino zishika indwi. Murizo hakaba harimwo ururiko rurahuza umurwi wa Flambeau du Centre hamwe n’umurwi wa Atletico ku kibuga citiriwe Ingoma co mu ntara ya Gitega.

Izindi nkino ziriko zirakinwa muri kano kanya nyene ni nk’urukino ruriko rubera i Ngozi ku kibuga c’Urukundo, urwo narwo rukaba ruriko rurahuza umurwi wa Olympique Star hamwe n’umurwi wa Ngozi City, umurwi wa Messager Ngozi nawo ukaba uriko uratana mu mitwe n’umurwi wa Les Lierres, umurwi wa Bumamuru Fc nawo ukaba uriko utana mu mitwe na Bujumbura City ku kibuga Intwari  mu gihe umurwi Aigle Noir nawo uriko utana mu mitwe na BS Dynamic ku kibuga Urumuri.

Nayo aho bukera kuw’Imana igenekerezo rya 8 Nyakanga 2019, inkino zitegekanijwe ni nk’uruzohuza umurwi wa Musongati na Inter Star ku kibuga Ingoma igihe c’isaha icenda, uruzohuza LLB4A na Vital’O ku kibuga c’Intwari igihe c’isaha icenda mu gihe umurwi wa Kayanza United uzohura n’umurwi wa Rukinzo ku kibuga Urukundo igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 682