Entertainmenthomepagekirundi

#Nyege Nyege Festival| Kuruka Chama, umurwi wahimbaye abitabiriye ibirori

Imbere y’ishengero ry’abantu barenga ibihumbi bitatu, Kuruka Chama yarerekanye ubushobozi n’ubukomezi bafise mu gucanga imidiho kavukire kumwe na mva mahanga.

Hifashishijwe ibicurarangisho kavukire nk’ingoma, ikembe, inyagara n’ibindi, Kuruka chama barateramishije bikomeye abari bitabiriye isabukuru mpuzamakungu Nyege Nyege.

Mu mirwi irenga 10 yashoboye guteramisha abantu, Kuruka Chama wabonetse nk’umurwi ukomeye , unateye ubwoba ufatiye ku bushobozi.


Nzoyisaba Omer umwe mu ndongozi z’uwo murwi yayaze n’uraganda rwa indundi Magazine yamenyesheje ko hari ku ncuro yabo ya kabiri bari bitabiriye iryo sabukuru, mu gihe rimaze kuba incuro zitanu zompi, akanamenyesha ko uwo murwi ugizwe n’abarundi barikumwe n’abanyamahanga bakomoka mu bihugu nka America , Suède ndetse n’umwe akomoka muri RDC.

I Jinja mu Buganda, ku kibanza co kwidagadura kizwi kw’izina rya Jinja Nile Beach Ressort akaba ariho hakiriye iryo sabukuru, nayo ku mugoroba w’igenekerezo rya 06 Nyakanga akaba ariho umurwi Kuruka chma wabica biracika imbere y’isinzi ry’abantu bawushigikiye batamba basabira.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 593