Economyhomepagekirundi

Ibibazo bimaze imisi vyibonekeza mu bidandazwa vy’umunyu n’isima bigiye guhagurukirwa

                   Jean Marie Niyokindi, umushikiranganji w’ubudandaji hamwe n’amahinguriro

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze, igenekerezo rya 10 Nyakanga 2019, umushikiranganji w’ubudandaji hamwe n’amahinguriro Jean Marie Niyokindi yarakoranije abadandaza b’isima rihingurwa n’ihinguriro BUCECO mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu hamwe n’abandadaza b’umunyu mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bihanze ivyo bidandazwa uko ari bibiri.

Muri iyo nama umushikiranganji Jean Marie Niyokindi yavuze ko mu masoko atandukanye yo mu gihugu kw’igiciro c’isima caduze uko batari bavyiteze kuko umufuko w’isima ya BUCECO wari kudandazwa amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo ibiri na bine n’amajana atanu (24500) usigaye udandazwa hagati y’ibihumbi 28 na 29.

Kubijanye n’umunyu udandazwa udakwije ibisabwa, uwo mushikiranganji avuga ko ari ikibazo ku magara y’abantu kubona abadandaza bamwe bamwe bacuruza umunyu udafise ico bita “Iode” abantu bagapfa kuwugura kandi uba udakwije ibikenewe kugira ukoreshwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 576