5.5 C
New York
Saturday, April 17, 2021
Home Burundi Uwankiye Kidum kuzoririmbira mu Rwanda ntaramenyekana

Uwankiye Kidum kuzoririmbira mu Rwanda ntaramenyekana

Igipfungu cinshi nico kirangwa mu majambo asobanura ibura rya Kidum mu giteramo Kigali Jazz Junction co mu mpera z’uku kwezi i Kigali mu Rwanda.

Mu gihe Kidum we avuga ko yabwiwe ko uburongozi bw’igisagara ca Kigali aribwo bwatanze itegeko ko atokwitabira ico giteramo, nk’uko yabiyagiye ikinyamakuru BBC co mu bwongereza.

Nta mpamvu n’imwe nabwiwe. Abateguye igiteramo bambwiye ko ubuyobozi bwa Kigali bwababwiye ko ntemerewe kuja muri ico giteramo.

Naho we yahawe izo nsiguro, ubuyobozi bw’ico gisagara nabwo bukaba butanga insiguro zitandukanye nk’uko ikindi kinyamakuru kibishikiriza. Akoresheje urubuga rwa Twitter, umuyobozi w’ico gisagara yaciye abihakana aho yavuze ko badashobora kwanka ibitarasabwa.

“Ntabwo Umujyi wa Kigali wigeze wanga ko umuhanzi Kidumu aza gucurangira muri Kigali kuko ntabwo yigeze anabisaba. Niba hari gahunda afite yo kuza gucuranga, hari inzira bicamo akabisaba. Kugeza uyu munsi nta busabe bwe turabona.”

Naho indimi zimaze kuba 2, abasanzwe batunganya ico giteramo nabo ntibarava mu gacerere ngo bagire ico babishikirizako gifashe. Mw’itangazo bashikirije, basavye imbabazi gusa kuba Kidum atazoboneka.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe yarahejeje gukora ibiteramo 2 muri ico gisagara nyene mu kiringo c’indwi 2 gusa, yugurura akabare gashasha mu gace kitwa Kimironko.

Ibibazo bikaba bibaye vyinshi, nimba hoba harimwo ikibazo ca Politique, nimba yoba yakoze ikosa, nimba abategura igiteramo aribo batamushatse, bikanka ko babimubwira, n’ibindi vyinshi.

Mwokwibuka ko Kidum ari kimwe mu bihangange bikunzwe muri ico gihugu, kandi kimaze kuhakorera ibiteramo bitari bike, mbere anahakorera indirimbo zitari nke, zaba iziwe co kimwe n’izo yafashije abandi.

Must Read

Sat-b yatanze umuco kucatumye ari Imana ishiraho ukwezi kweranda kwa Ramadhan

0
Ku musi w’ejo umuririmvyi Sat-b yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwiwe rwa Facebook ubutumwa aho yagarutse ku kamaro k’ukwezi kweranda kwa Ramadhan. Mu butumwa yatanze ari...