5.5 C
New York
Thursday, January 28, 2021
Home homepage Eliminatoires CHAN2020 : Intamba mu rugamba zatanguye imyimenyerezo yo kwitegurira Ubuganda

Eliminatoires CHAN2020 : Intamba mu rugamba zatanguye imyimenyerezo yo kwitegurira Ubuganda

Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Nyakanga umwaka w’2019 ku kibuga c’Intwari, umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abakinyi bakina hano iwacu watanguye imyimenyerezo yo kwitegurira Ubuganda mu urukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe cha CHAN2020 kizobera muri Cameroun mu mwaka w’2020.

Iyo myimenyerezo ikaba yatangujwe n’abamenyereza batatu bashasha batowe ku musi w’Imana igenekerezo rya 15 Nyakanga umwaka w’2019 , n’umukuru w’inama nkenguzamateka akongera agatwara n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reveriyano Ndikuriyo.

Abo nabo akaba ari Omar Ntakagero amenyereza umugwi Buja City , Jimmy Ndayizeye amenyereza Le Messager Ngozi hamwe na Joslin Bipfubusa amenyereza umugwi Aigle Noir.

Mukamenye y’uko urukino rutegekanijwe kuzoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nyakanga umwaka w’2019, isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Iintwari.

Must Read

Francine Niyonsaba avuze rimwe baba barikosoye  

0
  Ubwo ibihejeje kuba hagati ya Francine Niyonsaba umunonotsi w’Umurundi na rimwe mu mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, Econet, vyoba vyerekana ko hari iyindi ntambwe igiye guterwa...