5.5 C
New York
Monday, April 19, 2021
Home homepage Mohammed Amissi yaraye afashije Heracle Almelo U21 gutsinda Deegraafschap

Mohammed Amissi yaraye afashije Heracle Almelo U21 gutsinda Deegraafschap

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 17 Nyakanga umwaka wa 2019 niho umugwi Heracle Almelo U21 ukinamwo umukinyi wo kuruhande mu mugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba Mohammed Amissi wari wakiriwe n’umugwi Deegraafschap U21 mu rukino rw’indwi ya 4 y’ihiganwa ryo mu gihugu ca Hollande, Hollande Beloften risanzwe rikinamwo abakinyi batarenza imyaka 21.

Urwo rukino rukaba rwararangiye Heracle Almelo itsinze Deegraafschap ibitsindo 2-0 vyose bikaba vyatsinzwe na Mohammed Amissi.

Ivyo bitsindo vyose akaba yavyinjije mu gice ca kabiri c’urukino. Ica mbere yacinjije ku munota wa 49 nayo ica kabiri naco acinjiza ku munota wa 69 w’urukino.

Mukamenya y’uko ivyo ari ibitsindo vyiwe vya mbere yinjirije uwo mugwi Heracle Almelo kuva aho umuguriye.

Must Read

# Indundi Sports | PLB: Uku niko imigwi yatsindanye ku ndwi...

0
kuva kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 16 Ndamukiza gushika kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2021 , ihiganwa rya...